Ca kiraro gishasha co mugisagara ca Bujumbura ngo bamwe ntibagicako kubera gutinya ikizunguzungu

Mugihe haheruka kugururwa icese ikiraro gica hejuru y’ibarabara ryitiriwe umugabwe Uprona ,(boulevard de l’Uprona )mu gisagara ca Bujumbura bamwe mu banyagihugu bo mugisagara ca Bujumbura batumenyesheje ko gukoresha ico kiraro bishobora kubatera  ikuzunguzungu.

Bamwe mubaduhaye ayo makuru batumenyesheje ko bihora bishika bakagira ibizunguzungu iyo bagiye mu mazu maremare.

Imwe mu masanamu yerekana ico kiraro

Iki kiraro kikaba cubatswe mu ntumbero yo kworohereza abantu bagenda n’amaguru  mu gisagara ca Bujumbura na cane cane abava  kuri Avenue de la Mission baja kuri Paroisse Saint Michel.

Iki kiraro kandi kikaba kizoshobora gukinga impanuka ndetse kizorohereza uruja n’uruza rw’abasanzwe bagenda n’amaguru ndetse n’ibinyabiziga.

Iki kiraro c’uguruwe igenekerezo rya 18 nyakanga 2019

You may also like...