Indirimbo ya Sat B niyo ibandanya iza imbere y’izindi mu ndirimbo zarabwe cane mu Burundi.

Indirimbo ya Sat B  yamenyekanye cane kw’izina rya Feel Love niyo ibandanya iza imbere y’izindi mu ndirimbo zarabwe cane mu gihugu c’uBurundi mu kiringo c’umwaka.

Feel Love ya Sat B ikaba yasohotse igenekerezo rya 1 kigarama mu mwaka wa 2017 ,ubu iyo ndirimbo ikaba ariyo iza imbere y’izindi ndirimbo zose zasohotse kuva iryo genekerezo ndetse nizasohotse inyuma yaho.

Iyi Ndirimbo ya Sat B ikaba imaze kurabwa n’abantu bashika kuri 728,077 kuva igenekerezo rya 1 kigamara 2017 gushika muruku kwezi kwa Nyakanga.

Raba Hasi mu masanamu indirimbo Feel Love ya Sat B.

You may also like...