Kubera gutinya Ebola mu Rwanda basigaye baramukanisha inkokora

Kubera gutinya kwanduzanya ingwara ya Ebola,abantu benshi basigaye bagira ubwoba bwo kuramukanya ngo bakorane mu biganza.

Ivyo akaba arivyo vyatumye Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu gihugu c’uRwanda, Dr Gashumba Diane,yatinye gukorana mu minwe n’intwazangabo itwara intara ya gatatu ya gisirikare mu gihugu c’uRwanda Gen Alexis Kagame,aho bari bahuriye mu gace ka Rubavu gahana urubibe n’igihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo (RDC).

Dr Gashumba Diane,yatinye gukorana mu minwe n’intwazangabo itwara intara ya gatatu ya gisirikare mu gihugu c’uRwanda Gen Alexis Kagame

Mwokwibuka ko indamukanyo nkiyo yaheruka gukoreshwa n’umunyamabanga mukuru wa ONU,(Organisation des Nations Unis),Antonio Guteres aho yaheruka mu gihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo

Antonio Guteres aho yaheruka mu gihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo

You may also like...