Ibi, nivyo vyatumye ahitamwo gukora mariage n’abagabo babiri icarimwe .

Monique Dival,umupfasoni w’imyaka 40 y’amavuka,yamuka mu gihugu c’ubufaransa akongera akaba n’umugwiza tunga,kubera gukunda gukora imibonano mpuzabitsina,yahisemwo ku gira mariage n’abasore babiri.

Ivyo, Monique Dival,akaba yabikoze inyuma yahoyaramaze imisi mike mu gihugu ca Namibia,aho yari yaje kuruhukira,akaba yaramaze imisi aryamana n’abasore babiri bavukana,umwe akaba afise imyaka 30,uwundi imyaka 27.

Uyo mupfasoni, Monique Dival,akaba yamenyesheje ko yahisemwo gukora mariage nabo basore 2,kubera ko mu misi bamaze bariko barazunguruka mu gihugu bamweretse umutima mwiza kandi ngo barashoboye kurangura amabanga y’abubatse neza gusumvya abazungu bose bari bamaze kuryamana.

Bamwe bati ,uwo mupfasoni w’umugwiza tunga ashobora kuba yararozwe nabo basore kuko ngo ntivyumvikana ingene umugore nk’uwo atunze ashobora kwemera kurongorwa n’abasore bakenye.

Tubibutse ko mu gihugu ca Namibiya,bisanzwe vyemewe n’amategeko ko umugore umwe ashobora kubana n’abagabo benshi.

 

You may also like...