Kenya,umupolisi yafashwe nk’intwari inyuma yogukora kino gikorwa kidasanzwe.

Jairus Mulumia,intwaza ngabo yo murwego rujejwe umutekano mu gihugu ca Kenya,yabonetse ariko arigisha kw’ishule ritoya rya FAROLE,rihereye kurubibe rw’igihugu ca Kenya na Ethiopie.

Iyo ntwaza ngabo ikaba yari yarungitswe murako karere muntumbero yo gucungera umutekano.

Ivyo, Jairus Mulumia akaba yabikoze inyuma yaho asanze abana kuri iryo shule ataco bariko barakora kubera abigisha bajejwe kubigisha bamaze imisi badatonda kukazi kubera gutinya umutekano muke wibonekeza murako karere.

 

Jairus Mulumia ariko arigsha urwaruka rwari rwabuze umwigisha

Mwomenya ko Jairus Mulumia yariko arigisha icigwa c’ibiharuro mu mwaka wa gatanu w’amashule mato mato.

 

You may also like...