Mu gihugu ca Kenya,Intanga (spermatozoides) zabaye nk’inzahabu

Muri Kenya, igihugu co mu karere ka afirika y’ubuseruko,hamaze imisi hibonekeza urudandazwa rudasanzwe ,aho imisore n’abagabo bafise imyaka iri hagati ya 24 na 54 batanga intanga(imbuto z’abagabo) zabo ku bantu bazipfuza ,babanje kubaha amahera.

Dr Khandwala Shounak,umuganga akongera akaba n’umuyobozi w’ikigo c’buvuzi citwa Mediheal Group of Hospitals co mugihugu ca Kenya,amenyesha ko gutanga intanga ari ibintu bisanzwe kuko intanga zitanga umuntu avyipfuza kugira ashobore gufasha uwundi muntu afise ikibazo co kuvyara (kudatera inda.)

Muganga Khandwala,yabandanije amenyesha ko gutanga intanga kumuntu avyipfuza bisaba ko uwutanga imbuto ategerezwa kuba afise imyaka y’amavuka iri hagati ya 24 na 54 ,kandi babanza gupima ko atangwara ugwaye,barapima uburebure ,ndetse barapima n’ibiro vyiwe imbere yuko bazibika muvyuma vyabigenewe.

Kubwa Dr Khandwala Shounak,ngo naho gutanga intanga bikorwa bivuye kubushake bwa mwenezo,ngo ntamuntu numwe arekuriwe gutanga intanga inciro zirenze 8 canke 10 gusa.
Muganga Khandwala,yamenyeshejeko ,abipfuza intanga bariha amahera ari hagati yi 15 000 ni 100 000 vyamashilingi

Twobibutsa ko , Millie Odhiambo, umushingamateka wo murico gihugu ca Kenya yatowe muntara ya Suba North yatanze mu nama nshingamateka y’igihugu ca Kenya integuro y’itegeko rizogenga abana bazovuka murubwo buryo,ariko inama nshingamateka ya Kenya ntiragira ico ibivuzeko.

You may also like...