Umukuru w’Inama nshingamateka ya Ouganda yasavye abashingamateka kwirinda gukora imibonano mpuzabitsina uko bishakiye.

Rebecca Kadaga, Umukuru w’Inama nshingamateka ya Ouganda,yasavye abashingamateka bose ba Ouganda kwirinda gukora imibonano mpuzabitsina uko bishakiye.

Ivyo akaba yabivugiye mu kigo c’Inamanshingamateka y’igihugu ca Ouganda aho bariko barahanahana ivyiyumviro kw’itegurwa ry’inama igira iya 64y’Abashingamateka b;ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza(Commonwealth) izobera mu gihugu caOuganda.

Uwo mukuru w’Inamanshingamateka y’igihugu ca Ouganda,yasavye abashingamateka bose ba Ouganda kwirinda gukora imibonano mpuzabitsina n’abanyamahanga bazoba bitavye iyo nama ngo naho bobahendesha amahera baze bigumye bihagarareko babereke ko bafise ingeso nziza.

Rebecca Kadaga, Umukuru w’Inama nshingamateka ya Ouganda kw’isanamu

Rebecca Kadaga,ntiyibagiye no kubaha impanuro kubijanye no gufungura,aho yabasavye ko bokwirinda kwiha imfugurwa nyinshi mu kwuzuza amasahani, naho bazoba bashonje baze bihe duke.
Bikaba bitegekanijwe ko inama izohuza abashingamateka b’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza izotangura kw’igenekerezo rya 22 gushika 29 Nyakanga 2019.
Iyo nama ikazo kwitabirwa n’ibihugu bishika 180 ,ndetse ikazokwitabwa n’abantu barenga 1000
Kadaga akaba yibukije abashingamateka bari ngaho ko hari umushingamateka w’igihugu c’ubuganda yigeze kwandikisha amateka aho yamize inyama nini iramuniga,aca ayidahwa imbere y’uwahoze ari umukuru w’Igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete aho bariko barafungura inyuma y’inama.

You may also like...