Umupasitori wo muri Zambia yapfuye azize kwisonzesha ngo yigane Yesu

Brighton Samajomba umugabo w’imyaka 37 y’amavuka,akongera akaba umupasitori wo mw’ishengero rya “Heaven Is My Home” ryo mugihugu ca Zambia ,yitavye Imana azize kwisonzesha.

Inyuma yurwo rupfu, Reagan Samajomba,mukuru wa Brighton Samajomba,yavuze ko mwenewabo yarasanzwe afise akamenyero kugukora amafungo kenshi,ndetse akaba yamenyeshejeko Pastori Brighton yahora akora amafungo y’imisi mirongo icenda mu mwaka

Pastori Brighton akaba yitavye Imana amaze imisi mirongo ibiri gusa yisonzesha mugihe yari yateguye ko azokwisonzesha imisi mirongo itatu.

Brighton Samajomba kw’isanamu

 

You may also like...