Yaririmvye indirimbo ihayagiza umukuru w’igihugu aca akubitwa umusumari mukanwa.

Mu gihugu ca Ouganda mu gace ka Mbale,umugabo azwi ku mazina ya Isaac Katoogo,yaraye acumiswe umusumari mu kanwa.

Isaac Katoogo akaba yamenyesheje inzego zijejwe umutekano ko abamucumise umusumari mukanwa bamuhoye indirimbo ihayagiza umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Kaguta Museveni yariko araririmba.

Inzego z’umutekano zikaba zavuze ko zatanguye amatohoza kugira bashobore gufata abakoze iryo bara.

Isaac Katoogo kw’isanamu inyuma yumwanya mutoya ahejeje gucumitwa umusumari

You may also like...