Irabire umugabo yihinduye igitsina yigira umukobwa kugira atangure gukora ubumaraya.

Mu gihugu c’ubushinwa(chine),inzego zijejwe umutekano zaraye zifashe umugabo yihinduye umubiri aba umukobwa kugira atangure gukora ubumaraya.

Nkuko bimenyeshwa n’inzego zijejwe umutekano zo mugihugu c’ubushinwa,umugabo azwi ku mazina ya Luoyue,ariko akaba yarasigaye yitwa Sun Qingya inyuma yaho yihinduriye umwigeme,yarafaswe mu mukwabu wariko ukorwa n’inzego z’umutekano kuko babona ari umwigeme ariko bagiye kuraba kuri karangamuntu yiwe baca basanga n’umugabo.

Isanamu y’umuhungu yihinduye umukobwa

Yishura kubibazo vy’abajejwe umutekano, Sun Qingya yamenyeshe ko haheze imyaka 3 yarihinduye igitsina ciwe yigira umukobwa kugira ashobore gukora akazi k’ubumaraya kubera yasanze ariyo nzira yonyene yoroshe yokuronkamwo amahera atavunitse.

Sun Qingya,yabandanije amenyesha ko yahora aronka amahera menshi cane kuko mw’ijoro rimwe gusa yashobora kuryamana n’abagabo batandukanye akaronka amahera y’abanyamerika ari hagati y’ 1500 ni 3000 ($1500-$3000).

Inzego z’umutekano zikaba za menyesheje ko Sun Qingya akurikiranwa ku caha co kwihindura amazina.

You may also like...