Umugore yafatanywe ibitsina vy’abagabo (Penis),birenga ibihumbi bitatu

Emma Marie,umupfasoni w’imyaka 54 y’amavuko,akongera akaba n’umuganga kubitaro bimwe vyo mu gisagara ca Antwerp, mu gihugu c’ububiligi, mu gisata kijejwe ivyo kubika ibiziga (Morgue),yafatanywe ibitsina vy’abagabo birenga 3.000.

Nkuko bishikirizwa na Andy Ramerez umuvugizi w’urwego rujejwe umutekano mu gihugu c’ububiligi,amenyesha ko ku rugo rw’umupfasoni yitwa Emma Marie,hafatiwe ibitsina vy’abagabo bishika ku 3 178.

Abajejwe umutekano bari imbere y’urugo rwa Emma Marie

Kubwa Andy Ramerez,ngo ivyo bitsina vyose vyari bibitswe neza mubikoresho vya genewe kubika ibihimba vy’umubiri.

Andy Ramerez akaba yabandanije amenyesha ko,bari basanzwe bafise amakuru y’uko uwo mugore yari asanzwe ari mu mugwi w’abantu badandaza ibice vy’imibiri y’abantu kandi ko bari baje kurondera ivyemezako asanzwe akora ubwo bubisha.

Mwomenya ko,ivyo bibaye inyuma yaho abantu benshi bari bamaze imisi bidoga ko ibiziga vy’abantu bibikwa kuri iryo vuriro basanga ibihimba vy’irondoka vy’abagabo atavyo.

 

You may also like...