Yibarutse umwana yirabura kandi ari umuzungu ,yagiriza umugabo wiwe ko ari kubera anywa ikawa nyinshi.

Mu gihugu ca Espagne,umugore n’umugabo b’abazungu,bibarutse umwana yirabura,umugore aca yagiriza umugabo wiwe ko ari kubera uwo mugabo akunda kunywa ikawa kenshi k’umusi.

Ivyo bikaba vya bereye ku bitaro bikuru vy’ishule rya kaminuza ryo mu gisagara ca Valence,( l’hôpital universitaire de Valence) mu gihugu ca Espagne,aho uwo mupfasoni w’imyaka 24 y’amavuka yibaruka umwana w’uhungu yirabura apima ibiro bine.

Inyuma yahoo yibarukiye uwo mwana,umugabo wiwe yamusanze mu cumba yararimwo amusaba ku muha insiguro zitomoye ingene bavyaye umwana yirabura kandi bose ari abazungu bera.

Mu majambo yiwe,uwo mugabo yavuze ati:” Ntabwo ndi umunyamacakubiri y’urukoba,kandi si nitaye no kurukoba rw’umwana wibarutse,ariko mbwiza ukuri,ubwo ntiwanciye inyuma ukaryamana n’umugabo yirabura akaba ariwe yaguteye inda?”

Umugore nawe yamwishuye muraya majambo akurikira:”N’ukuri ndakubaha mugabo wanje,si nigeze ndaguca inyuma ngo nryamane n’uwundi mugabo,ahubwo twavyaye umwana yirabura kandi turi abazungu kubera igihe cose wama uriko uranywa ikawa.”

Inyuma yo kumva iyo nyishu,umugabo yamenyesheje umugore wiwe ko anyuzwe kandi ko amusavye n’imbabazi kuba yari ya mwikwtse ko yamuciye inyuma akarenga ibigo kuko ngo,agerageje kwibuka neza asanga yaranyoye ikawa nyinshi kandi ko arivyo vyatumye avyara umwana yirabura.

Akaba yaheraheje avuga ko yizeye umugore wiwe kandi ko ata n’igipimo co kuraba ko umwana ari uwiwe azokoresha ( test de paternité)

You may also like...