Igihugu c’uBurundi gihejeje kwakira abarorerezi ba Fifa ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye

Ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye,abarongozi batandukanye bo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru,bahejeje kwakira abarorerezi b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.

Abarorerezi ba FIFA ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye

Amakuru dukesha abajejwe ivy’umupira w’amaguru mu Burundi,abo barorerezi b’ishirahamwe rijejwe umpira w’amaguru kw’isi,baje munama ijejwe kuraba ibijanye n’ibibuga hamwe n’izindi nyubakwa mu vyo umupira w’amaguru ico bise mu kinofunofu,seminaire FIFA sur les Infrastructures.

Abarorerezi ba FIFA

Mwomenya ko iyo nama izobera mu gisagara ca Bujumbura kuva kw’igenekerezo rya 25 gushika ku 26 Nyakanga 2019

You may also like...