Menya ivyatumye Lionnel Messi atorwa nk’umukinyi w’umwaka wa 2019.

Lionel Andrés Messi Cuccitini, asanzwe amenyerewe ku mazina ya Lionnel Messi,umugabo w’imyaka 32 y’amavuka ,yamuka mu gihugu ca Argentine ndetse akaba n’umukinyi ngenderwako w’umurwi w’umupira w’amaguru wa FC Barcelona wo mu gihugu ca Espagne,niwe yaraye na atowe na FIFA, nk’umukinyi mwiza w’umwaka wa 2019  .

Mu birori vya FIFA vyo gutora umukinyi mwiza yaranze umwaka  vyariko birabera mu gihugu c’ubutaliyano mu gisagara ca Milan,ku musi wa mbere igenekerezo rya 23 Nyakanga 2019,umukinyi Lionnel Messi w’umurwi wa FC Barcelona niwe yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze umwaka wa 2019,aho yahawe agashimwe kiswe The Best FIFA Football player of the Year.

Lionnel Messi ahabwa agashimwe

Lionnel Messi,akaba yariko arahiganwa n’abakinyi babiri aribo, Van Dijk,umukinyi w’inyuma w’umurwi wa Liverpool FC wo mu gihugu c’ubwongereza ,yaheruka gutwara agashimwe k’umukinyi mwiza iburayi  hamwe na Cristiano Ronaldo,umukinyi w’umurwi wa Juventus wo mu gihugu c’ubutaliyano.

Umusatirizi wa FC Barcelona,Lionnel Messi,niwe mukinyi yari yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya LA LIGA SANTANDER,ihiganwa rt’umupira w’amaguru ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Espagne ,ndetse akaba ari nawe nyene yatahukanye agashimwe k’ikirato c’inzahabu k’umugabane w’iburayi kubera ariwe yari yinjije ibitsindo vyinshi gusumba abandi aho yari yinjije ibitsindo bishika .

Twobibutsako,umukinyi Lionnel Messi,ariwe mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya UEFA CHAMPIONS LEAGUE,aho yinjije ibitsindo 12 imbere yuko umurwi wiwe wa FC Barcelona utangarijwe n’umurwi wa Liverpool FC ,aho wa wutsinze ibitsindo 4 ku busa mbere uca urava mw’ihiganwa ugarukiye mu gice ca mbere gishira icanyuma(demi final).

You may also like...