Petero Nkurunziza,yafuse abacamanza bane mu rwego rw’abacamanza mu Burundi

Umukuru w’igihugu c,uBurundi Petero Nkurunziza,aherutse gufuta mu rwego rw’abacamanza ,abacamanza 4.

Nkuko tubisanga mu rwandiko rwa sohotse kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2019 ndetse rukaba rwateweko umukono n’umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero Nkurunziza,abacamanza 4 basanzwe baciriwe imanza zo gufungwa barafuswe mu rwego rw’abacamanza mu Burundi.

Abo bacamanza bakaba bafuswe murayo mabanga n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza inyuma yaho baciriwe imanaza na sentare bagahabwa igifungo kiri hagati y’umwaka umwe n’imyaka ibiri.

Abo bacamanza akaba ari :

  1. Nizigama Chantal afise numero martricule 13853923(222.322),akaba yaciriwe igifungo c’umwaka umwe.
  2. Nshimirimana Pierre Claver afise numero matricule 12315562(217764) akaba yaciriwe igifungo c’imyaka ibiri,
  3. Niyonkuru Emmanuel afise numero matricule 19905.884(222.752),akaba yaciriwe igifungo c’imyaka ibiri,
  4. Nibizi Simbizi Didier afise numero matricule 16915281(225.594),akaba yaciriwe igfungo c’umwaka umwe.

Ikete ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero Nkurunziza.

You may also like...