Ingabo z’uBurundi ziri muri Somaliya zaraye zishimiwe ku bikorwa vyiza ziguma zirangura

Mu rugendo rwakozwe kuruyu wa 24 Nyakanga 2019 n’uwusanzwe atwara ingabo zose zagiye mu mugambiwa AMISOM wo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalie, Lieutenant-général Tigabu Yilma, aho yari yagendeye ingabo z’uBurundi ziri mu gisagara ca Jowhar,yamenyesheje ko ashimiye cane ingabo z’uBurundi ku mwete n’ubukerebutsi ubaranga aho bakorera hose.

Ltn Gen Tigabu Yilma yakiriwe n’ingabo z’uBurundi muri Somaliya

 

Lieutenant-général Tigabu Yilma,yavuze ko ingabo z’uBurundi zimaze gufasha cane abanyagihugu ba Somaliya bimwe biboneka,aho bagarukanye umutekano bongera barasibura amabarabara yorosha uruja n’uruza rw’abanyagihugu ba Somaliya kugira intara zitandukanye zishobore kugirana imigenderanire bitagoranye.

Ltn Gen Tigaya Yilma ariko araganira n’ingabo z’uBurundi

Kubwa Lieutenant-général Tigabu Yilma,ingabo z’uBurundi ziritanga cane mu kwigisha no gushinga gisirikare ca Somaliya,aho mbere bamaze gusohora abatari bake.

Mu rugendo rwiwe,Lieutenant-général Tigabu Yilma,yaraganiriye n’abasirikare bakuru bakuru ku bijanye n’umutekano w’aho bababaye ndetse n’ubuzima babayemwo hamwe n’ivyerekeye imigambi yo gufasha abanyagihugu ba Somaliya yatangujwe n’ingabo z’uBurundi.

Umukuru w’ingabo za AMISOM mu gihugu ca Somaliya,ntiyibagiye no guhoza imiryango y’abaherutse kubura ababo bapfiriye mu mutego batezwe n’ivyihebe vya Al Shabab,aho mbere yipfurije imisuhuko abakomeretse.

Ingabo z’uBurundi i Somaliya

You may also like...