Uburusiya bwashize ahabona ikigwanisho cabo gikomeye,abanyamerika barajugumira.

 

 

Igihugu c’uburusiya (Russie),giherutse gushira ahabona ikigwanisho cabo ca missile co mubwoko bwa S-400 Triumph,ico kigwanisho kikaba gikoranye ubuhinga budasanzwe,aho gishobora kurasa ibisasu 48 icarimwe kandi kikabirungika mu mpande zitandukanye.

Imodoka ihetse missile S-400 Triump

Ikigwanisho S-400 Triumph c’abarusiya,kirafise ubuhinga bwo kwikingira kuburyo atayindi missile ishobora kuza igitumbereye,ndetse ntanikindi kigwanisho kizananye hejuru canke kubutaka gishobora kugishikira.

S-400 Triump

Muri uyu mwaka wa 2019,ikigwanisho S-400 Triumph c’abarusiya,nico gifata ikibanza ca mbere mu bigwanisho bifise ubuhinga bwo gucungera ikirere kuburyo atakindi kigwanisho gikomeye gishobora guca hejuru ngo kirengane kitakibonye,nukuvugako atandege canke iyindi missile ishobora ku kivogera.

S-400 Triump

Nkuko bishikirizwa na Igor Delanoé,wo mw’ishirahamwe Observatoire franco-russe,abarusiya kuva bakoze ico kigwanisho,igihugu c’uburusiya caciye kiba igihugu ca mbere gifise ikigwanisho gikoranye ubuhinga gusumvya ibindi bihugu vya rutura .

Ikigwanisho S-400 Triump

Ibi nivyo bintu nyamukuru bigize ico kigwanisho:

  • Ico kigwanisho kigizwe na missille 48,z’ubwoko 5 butandukanye,
  • Gishobora kugaburwa mu migwi 12  ya missile zitanu zitanu  ariko zishobora gusohokera rimwe uko ari 48 .
  • Gifise ahantu hamwe gusa bashobora ku kirekurira,ico bise poste de commandement mu kinofunofu,
  • Ico kigwanisho gishobora kurerurwa n’ibiduga 12 ,kuburyo ikiduga kimwe kiba gifise missile 4,kandi ivyo biduga bishobora kuba biri mubihande bitandukanye ariko vyose bishobora kurasira icarimwe kandi bigatumbereza munzira zitandukanye.

Ivyo ico kigwanisho gishobora kurasa nibi:

  • Gishobora kurasa indege z’intambara zitagira abadereva,zo mubwoko bwa
  • B-1, B-2, FB-111na B-52H.
  • Gishobora kurasa indege zisoma urusaku zo mubwoko bwa TR-1
  • Gishobora gukorora missile yo mu bwoko bwa balistiques,
  • Gishobora gukorora kajugujugu z’ubwoko bwose’
  • Gishobora no kurasa ikintu cose kicegereye.
  • Gishobora kandi gukorora missile yo mu bwoko bwa Missile de croisiere stratégiques nka Tommahawk.

Ibihugu bimaze kugura icokigwanisho ca S-400 Triumph c’uburusiya ni:

  • ubushinwa(Chine)
  • Turikiya (Turquie)

Mwomenya ko ibihugu nka Algerie,Qatar bimaze kumenyesha ko vyiteguriye kugura ivyo bigwanisho hamwe igihugu c’uburusiya co bibemerera.

You may also like...