Igihugu c’uBurundi kiguma cizerwa n’amakungu

Murugendo amazemwo imisi mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,inyuma yo kuronswa agashimwe kubera ibikorwa vyiza vyokwitaho impfuvyi n’abapfakazi,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uBurundi yasubiye guterwa iteka aho ariwe yatowe ngo asome icegeranyo gisozera inama y’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vy’afirika.

Denise Nkurunziza ariko arasoma icegeranyo c’inama y’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vy’Afirika

Inyuma y’Inama y’ishirahamwe OPDAD,(Organisation des Premieres Dames d’Afrique pour le Developement),inama y’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vy’afirika bishize hamwe kugira baze bararabirahamwe ibijanye n’iterambere,Denise Nkurunziza,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uBurundi,niwe yatowe kugira asome icegeranyo c’ivyavuye muri iyo nama.

Denise Nkurunziza munama y’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu

Mwomenya ko inyuma yiyo nama,abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu bari bitavye iyo nama bafashe akanya ko kwifotoza,aho mbere umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uBurundi Denise Nkurunziza yarahagararanye na Jeanette Kagame,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uRwanda Paul Kagame.

Denise Nkurunziza ahagararanye na Jeanette Kagame hamwe n’abandi batambukanyi b’abakuru b’ibihugu.

 

You may also like...