Intamba mu Rugamba z’abakinyi batarenza imyaka 20,zizokina icakane gishira icanyuma

Muri za nkino za CECAFA U-20, z’abakinyi batarenza imyaka 20 ziriko zirabera mu gihugu c’ubuganda,Intamba mu Rugamba zigeze mu gice ca kane gishira icanyuma.

Munkino zatanguye kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga mu gihugu c’ubuganda zikazorangira kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu 2019,igihugu c’uBurundi kikaba kibandanya kivyifatamwo neza aho mbere kigeze mu gice ca kane gishira icanyuma.

Mu nkino z’igice ca kane gishira icanyuma,Intamba mu Rugamba,umurwi nserukiragihugu c’uBurundi uzotana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Kenya ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 Nyakanga 2019,igihe c’isaha zitandatu mu masaha yongaha iwacu (12h).

Twobibutsako iyindi mirwi izohura mu gice ca kane gishira icanyuma,umurwi nserukiragihugu wa Sudani ya ruguru uzotana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa sudani yepfo.

Kurundi ruhande umurwi nserukira gihugu wa Eritereya uzotana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Zanzibar,aho mu rundi rukino,umurwi nserukiragihugu wa Tanzania uzotana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Uganda.

Umurwi w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20

 

You may also like...