Menya vyinshi munama iriko irahuza ba buramatari bose barongoye intara zitandukanye z’igihugu c’uBurundi

Kuruyu wa 27 Nyakanga 2019,ubushikirangaji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu abarundi,bwateguye inama ihuza abaserukira imigambwe yose yemewe n’amategeko mu Burundi naba Buramatari bose b’intara zigize igihugu c’uBurundi.

Abitavye inama

Muri iyo nama bakaba bariko bararabira hamwe ivyo abanyepolitique b’imigambwe yemewe n’amategeko biyemeje mu ntumbero yo kugarukana icuka ciza hagati y’abanywanyi b’imigambwe itandukanye kugira amatora ya 2020 azogere abarundi batekanye.

Abitavye inama y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri iyo nama iriko irabera mw’ihoteri Source du Nil,abitavye iyo nama baraza kurabira hamwe ingene imigambwe iriko irakora mu ntumbero yo kwitegurira amatora meza ya 2020.

Mwomenya ko iyo nama yatangujwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal barandagiye.

umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,Pascal Barandagiye

 

You may also like...