Ibi nivyo abarundi bamwe bahungiye mu gihugu c’ububirigi basavye reta ya Tanzaniya

Kuri uyu wa 27 Nyakanga 2019,abarundi bamwe bahungiye mu gihugu c’ububirigi bakoze imyiyerekano imbere y’ubuserukizi bw’igihugu ca Tanzaniya mu bubirigi.

Abarundi bahungiye mu gihugu c’ububiligi,bari mumyiyerekano imbere y’ubuserukizi bw’igihugu ca Tanzaniya mu bubirigi

Muri iyo myiyerekano bakaba bariko barasaba ko reta y’igihugu ca Tanzaniya yoreka gutahukana kunguvu impunzi z’abarundi bahungiye muri ico gihugu ca Tanzaniya.

Abari muri iyo myiyerekano baribafise ibipapuro vyanditse ko biti :Turasavye iyugururwa ry’amasoko hamwe n’ibindi bikorwa birangurirwa mu makambi y’impunzi atandukanye”.

Bimwe muvyandiko baribitwaje imbere y’ubuserukizi bw’igihugu ca Tanzaniya mu bubirigi

Abo bari bitavye iyo myiyerekano ntibibagiye gusaba ko reta ya Tanzaniya yokwongereza umutekano w’impunzi ziri mu makambi atandukanye muri ico gihugu.

Inyuma yiyo myiyerekano,abaserukiye abandi muri iyo myiyerekano bahawe akanya n’abakozi b’ubuserukizi bw’igihugu ca Tanzaniya aho bashoboye gushikiriza urwandiko rurimwo ivyo basaba vyose.

Bamwe mu barundi bari mu myiyerekano mu bubirigi

You may also like...