Ibi nivyo vyatumye amaziko ya Robert Mugabe ahindurirwa ikibanza n’igenekerezo vyari vyateguwe.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe aherutse kwitaba Imana,yahinduriwe ikibanza azoshingurwamwo.

Mw’itangazo ryaraye risohowe na Nick Mangwana ,umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru mu gihugu ca Zimbabwe,yamenyesheje ko Reta ya Zimbabwe yarekuriye umuryango wiwe gushingura Mugabe aho bipfuza.

Ivyo akaba yabimenyesheje inyuma yaho ku musi w’ejo igenekerezo rya 26 Nyakanga 2019,ikiziga ca Robert Mugabe cajanywe mu gisagara ca KUTAMA,aho mugabe yavukiye,kikaba cari giherekejwe n’imodoka nyinshi z’abajejwe umutekano.

Musi iheze,reta ya zimbabwe yari yamenyesheje ko nyakwigendera Robert Mugabe azoshingurwana iteka mw’itongo ry’abapfuye ryagenewe intwari za Zimbabwe riherereye mu mugwa mukuru wa Zimbabwe Harare.

Muvyatumye reta ya Zimbabwe iva kurizima igahindura ingingo yari yafashe,nuko bashatse gushira mu ngiro ivyo Robert Mugabe ubwiwe yari yarasavye,aho yari yasavye ko umusi yapfuye yoshingurwa mu karere iwabo aho yavukiye kandi ko abamukuye kubutegetsi bakoresheje inguvu,  batoja mu birori vyo kumushingura kubera baramuhemukiye.

Bikaba bitegekanijwe ko Mugabe azoshingurwa mumpera ziyindwi,mu birori bizoba birimwo abo mumuryango wiwe gusa.

Twobibutsako Robert Mugabe ariwe yabaye umukuru w’igihugu wambere wa Zimbabwe,akaba yavuye k’ubutegetsi mu mwaka wa 2017,akuhweho kunguvu n’akarwi k’abasirikare,bakaba bari bamwagirije ko atagishoboye gutwara kubera ubusa mugihe yaramaze imyaka 37 yose ari kubutegetsi ndetse akaba yitavye Imana afise imyaka 95 y’amavuka.

Ikiziga ca Robert Mugabe

You may also like...