Menya vyinshi kunyubakwa nshasha izokoreramwo umukuru w’igihugu n’ivyegera vyiwe.

Kuri uyu wa 27 Nyakanga 2019,niho haza kwinjigwa icese,ingoro yitiriwe umwami NTARE RUSHATSI,iyo ngoro ikaba izokoreramwo umukuru w’igihugu c’uBurundi hamwe n’ivyegera vyiwe.

Ingoro NTARE RUSHATSI

Ingoro NTARE RUSHATSI ikaba yubatswe ku ntererano y’igihugu c’ubushinwa,ndetse ikaba yubatswe n’abahinga muvyubwubatsi bava mu gihugu c’ubushinwa.

IngoroNtare Rushatsi izokoreramwo umukuru w’igihugu n’ivyegera vyiwe.

Mu birori vyo kwinjira iyinyubakwa,haratumiwe abategetsi b’abanyavyubahiro batandukanye kugira bigine umusi w’intsinzi kuko umukuru w’igihugu yahora akorera munzu apanze,ariko ubu akaba agiye gukorera munyubakwa y’igihugu.

Ambassadeur Willy Nyamitwe mu birori vyo kwinjira ingoro Ntare Rushatsi

Bikaba bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero Nkurunziza ariwe aza kugurura icese ibirori vyo kwinjira iyo ngoro NTARE RUSHATSI .

Mwomenyako abanyacubahiro batandukanye bamaze kuhashika aho barindiriye ko umukuru w’igihugu ahishikira.

Abanyacubahiro batandukanye baje mu birori vyo kwinjira Ingoro Ntare Rushatsi

 

 

You may also like...