Umurwi wa ONU ujejwe gutohoza kubijanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu n’ayandi mabi wongewe ikiringo.

Mu nama ya ONU (Organisation des Nations Unies),ijejwe agateka kazina muntu kw’isi igira iya 42  yariko irabera i Geneve mu gihugu ca Swisse,umurwi ujejwe gutohoza kubijanye n’ihungabana ry’agateka kazina muntu mu Burundi bawongeye ikindi kiringo co kubandanya batohoza.

Ingene amatora yagenze i Geneve ku cicaro ca ONU kijejwe kubahiriza agateka kazina muntu

Ibihugu 11 navyo bikaba vyatoye ko uwo murwi wa ONU ujejwe gutohoza kw’ihohoterwa ry’ikiremwa muntu mu Burundi,utobandanya ukora amatohoza ,nayo ibihugu 13 akaba ataco vyashimye kubivugako.

Inyuma y’ayo matora,Ambassadeur Willy Nyamitwe,umuhanuzi mukuru mubijanye noguhanahana amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’uBurundi, yaciye amenyeshako ivyo ataco bimaze kuko atangaruka nimwe bizogira kuri reta.

 

Uwo murwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza kwitosekara ry’agateka kazina muntu mu Burundi wagiyeho kuva mu mwaka wa 2016,aho utahengeshanije kuvugako agateka kazina muntu mu Burundi katifashe neza,kagenda karahungabana.

Twobibutsako uwo murwi wa ONU ujejwe gutohoza kubijanye n’agateka kazina muntu mu Burundi,urongowe na Doudou Diene,umugabo yamuka mu gihugu ca Senegal,ndetse akaba ariwe yasavye ko uwo murwi arongoye bowongera ikindi kiringo.

Doudou Diene,umukuru w’umurwi wa ONU,ujejwe gutohoza ibijanye n’iyubahirizwa ry’agateka kazina muntu mu Burundi

 

You may also like...