Twaguye kurwandiko rw’ibanga rwerekana ko Pacifique Ninahazwe yari mubemeje ko Colonel Mouammar Gadhafi yokomorwa muri Lybia

Twaguye kurwandiko rw’ibanga rwerekana ko Pacifique Ninahazwe yari mubemeje ko Colonel Mouammar Gadhafi yokomorwa muri Lybia .

Mu rupapuro rw’ibanga ridasanzwe rw’ishirahamwe unwatch rwateweko umukono kw’igenekerezo rya 21 ruhuma mu mwaka wa 2011,habonetsemwo umukono wa Pacifique Nininahazwe muri 85 bashaka ko Colonel Mouammar Gadhafi yokomorwa muri Lybia kubera ivyaha yariko aragirizwa n’abanyaburaya n’abanyamerika.
Mouammar Kadhafi

Mouammar Kadhafi kw’ifoto

Uru rwandiko rudasanzwe rukaba rwateweko umukono n’abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za Poitike bashika kuri 85 bo muri Africa no hanze ya Africa, ariko mu karere ka Africa y’uBuseruko(East Africa) kose rukaba rwateweko umukono na Pacifique Ninanahazwe kuruhande rw’uBurundi hamwe na Arnold Djuma kuruhande rw’uRwanda .

Tubibutse ko Colonel Moammar Gadhafi yaciye agandagurwa igenekerezo rya 20 gitugutu 2011 akaba yaguye i Syrte muri Lybia .
Raba urwo rwandiko ngaha musi

You may also like...