Abanyagihugu bo muri Centre Africa bashimishijwe n’igikorwa c’abasirikare babarundi.

Abasirikare babarundi basanzwe babarizwa muri MINUSCA (Mission multidimensionnelle intégrée des Nations unies pour la stabilisation en Centrafrique) mugikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrique bafashije abanyagihugu ibikorwa rusangi.

Ibi bikorwa rusangi vyarivyo gutunganya ibibanza vyegereye isoko isanzwe iri mu gice ca Sibut  gisanzwe giherereye muburaruko bwa Bangui .

 

Bamwe mubasirikar babarundi bariko barakora ibikorwa rusangi

Abanyagihugu bo mu gice ca Sibut bakaba bakengurutse cane iki gikorwa c’abasirikare babarundi babafashije gusibura igisagara cabo .

Umwe mu mucafu abasirikare babarundi bariko barakura mugisagra ca Sibut

Twobibutsa ko uBurundi busanzwe bufise abasirikare bagera ku 850 mu gihugu ca CNTRE AFRIQUE bari mubutumwa bwo kubungabunga amahoro n’umutekano.

You may also like...