Chine ,umugabo yafatanwe inzahabu ziteye ubwoba none agiye kunyongwa

Mu gihugu c’ubushinwa (Chine) ,i Beijing munzu ya Zhang Qi uwahora ri umukuru w’igisagara ca Danzhou akongera akaba n’umunyamabanga mukuru w’umugabwe Communist Party hafatiwe amahera menshi cane ndetse n’amabuye y’agaciro y’inzahabu ateye ubwoba.

Nkuko vyatangajwe n’igipolisi ca Chine ,uyu mugabo Zhang Qi yafatanwe izi nzahabu ziteye ubwoba mugihe yari yaragerageje kuzinyegeje musi ny’inzu yiwe iherereye i Beijing .

Izi nzahabu zafatanwe uyu mugabo zingana n’ibiro 13500 (13.5 tons) ,ibi biro vyizi nzahabu bikaba vyari bifise gaciro kamafaranga yamashinwa agera kuri 3.8billion yama china  aya akaba angana na $ 625 million  mumahera yamanyamerika ($).

Abafashe izo nzahabu ntibatahura na gato ingene inzahabu zingana uko zishobora kuba zifiswe n’umugabo umwe rudende.

umukuru w’igipolisi iBeijing bwana Hua Chunying akaba yamenyesheje ko uyu mugabo Zhang Qi ashobora guhanishwa igihano c’ukunyorwa .

 

You may also like...