Inyuma y’igihe gito cane aba Russia baciye muryahumye Amerika ,ibigwanisho bishasha vyasokorowe

Inyuma y’imisi mike cane igisirikare c’igihugu ca Russia gishoboye guca muryahumye igisirikare ca Amerika gisanzwe kiri mw’izinga rya Pacifique ,igisirikare ca Amerika cameze magabo gitangura gusokorora ibigwanisho bishasha bifise ubuhinga budasanzwe.

Ibi bibaye inyuma yaho ,kw’igenekerezo rya 14 nyakanga igihugu ca Russia kibifashijemwo n’igihugu ca Iran bashoboye guca mu ryahumye abasirikare ba Amerika bagaca  inguvu ikirindiro c’abasirikare babanyamerika basanzwe bari mw’izinga rya  Indo- pacifique ,bifashishije  indege zitagira abadereva hamwe n’ubuhinga  (Technology )bugezweho.

Naho vyagenze uko ,général Charles Brown umurongozi mukuru w’ingabo z’abanyamerika zizwi nka Pacific Air Forces (PACAF) yemeje ko ibikoresho bidanzwe bizoca bishirwa kurico kirindiro ubwo nyene kugira barabire hafi ibi bihugu 2 basanzwe barabana ayingwe.

Général Charles Brown yabandanije ameyesha ko bagiye kunyarukana vuba ” systèmes de défense de zone de haute altitude terminale (THAAD) ” na” système d’armes anti-aérienne et de missile” ibigwanisho bisanzwe bikoreshwa ahanini na Amerika mu rwego rwo gucungera ikirere cabo hamwe no gusubiza inyuma ama misilles baba batewe nabo baba bariko baratana mu mitwe canke ababa bashaka kubatera.

Général Charles Brown yabandanije amenyesha ko ibi birwanisho bizobera icirwa uwo wese azosubira gushaka kuvogera ikirere gisanzwe kirimwo ingabo za Amerika mu gice ca Indo-Pacifique.

Tubibutse ko ibi bihugu vyose haba Reta zunze ubumwe za Amerika canke Russia biriko birashamirana kubera igitoro gisanzwe cegereye aho izi ngabo za Amerika ziherereye .(L’installation pétrolière saoudienne)

You may also like...