Ouganda,uwuzosubira gufatwa yambaye umwambaro utukura azoca afungwa.

Kuruyu wa 30 Nyakanga 2019,mu gihugu ca Ouganda,hasohotse itegeko ribuza abantu kwambara umwambaro utukura mu gihugu ca Uganda.

Mwitangazo ryashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare ca Ouganda Richard Karemire,yamenyesheje ko ubu bibujijwe kwambara umwambaro utukura mu gihugu ca Uganda  kubera uwo mwambaro usanzwe ari umwambaro w’igisirikare ca Ouganda.

Indongozi z’umugambwe People Power zambaye umwambaro urimwo ibitukura

Kubwa Richard Karemire,umuvugizi w’igisirikare ca Ouganda yagize ati”umuntu azofatwa yambaye inkofero itukura (beret rouge),umupira  canke ishati itukura,azoca afatwa afungwe kuko uwo mwambaro wagenewe urwego rwa gisirikare gusa,uwuzosubira guhirahira akambara  uwomwambaro azofatwa nk’umwansi w’igihugu”

Bobi Wine n’abanywanyi b’umugambwe wiwe People Power bambaye umwambaro wabo wiyamirijwe na reta ya Ouganda

Mwomenya ko mu gihugu ca Ouganda,abanywanyi b’umugambwe witwa “People Power” ,urongowe na  Robert Kyagulanyi ,azwi kumazina ya  Bobi Wine,umuririmvyi akongera akaba n’uwutavuga rumwe na reta ihari mu gihugu ca Ouganda ,aribo basanzwe bambara uwomwambaro iyo bari mubikorwa vyo kwiyamamaza.

Bobi Wine,uwutavuga rumwe na reta ya ouganda

Twobibutsako Robert Kyagulanyi ,azwi kumazina ya  Bobi Wine yamaze kumenyesha ko azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora azoba mumwaka wa 2021,aho azohiganwa n’umukuru w’igihugu ahari ubu,Yoweri Kaguta Museveni amaze imyaka 33 ari kubutegetsi.

You may also like...