Umugore yanyegeje ibiyayura mutwe mugitsina ciwe,afatirwa ku kibuga c’Indege

Nakuphila Mtshali,umugore w’imyaka 34 y’amavuka wo mu gihugu ca afirika yepfo,yafatanye,yafatiwe ku kibuga c’indege yanyegeje ibiyayura mutwe mu gitsina ciwe,(igihimba ciwe c’irondoka).

Ibiyayura mutwe vyo mubwoko bwa heroine yafatanywe

Hari kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga 2019,aho umukobwa azwi ku mazina ya Nakuphila Mtshali yaca mucuma c’isuzumiro hanyuma ivyuma bica bitangura kuvuza urwamo vyerekana ko uwo mugore anyegeje  ikintu kitemewe n’amategeko.
Inyuma yuko ivyuma bivugije urwamo,abajejwe umutekano wo ku kibuga c’indege baciye begera uwomupfasoni batangura kumusopa umubiri wose barabura,baca basubira kumucisha muri ca cuma nubundi kiberekako agifise ikintu kitemewe n’amategeko kuko cagumye kivuza induru .
Abajejwe umutekano niho baca bamushira mu bwiherero batangura kumusopa no mubihimba viwe vyirondoka baca basanga yanyegejeyo udutu(boulles) dupima amagara 528 y’ibiyayura mutwe vyo mubwoko bwa heroine,
Inyima yiryo sakwa,inzego z’umutekano zamenyesheje ko utwo dutu dupima amagarama 528 dufise agaciro miriyoni indwi n’igice vy’amadolori y’abanyamerika,(US$ 7.5) .

Ikiyayura mutwe co mubwoko bwa Heroine

You may also like...