Yankiwe kwiga kubera afise isura mbi

 

Mu gihugu c’uburusiya,ishure ritoya (creche),ryanse kwakira mu kigo caryo umwana w’umukobwa yaraje kwiyandikisha kuberako isura yiwe ishobora gusamaza abandi bana.

Sofya Zakharova,n’umwana w’umukobwa afise ubumuga bwamuhinduye umutwe n’isura yiwe kuburyo umuravye wokwibazako ari umuntu ashaje.

Abavyeyi ba Sofya Zakharova bamenyesha ko abayobozi bishure banse kwakira umwana wabo kubera ko isura yiwe ishobora gutuma abandi bana bagira ubwoba ntibasubire gukurikira umwigisha.

Naho ishirahamwe  ry’abagiraneza Rainbow of Goodness ryagerageje gusigurira abarongozi b’ishure ko boreka uwo mwana akiga nk’abandi,vyabaye ivyubusa kuko abarongoye ishure bamenyeshako bobanza bakamujana kwa muganga bamugirira icobita intervention chirurgicale kugira agire isura nziza.

Umuhinga muvyimyifato,(Psychologue Clinicien) Ekaterina Belan, ,amenyesha ko ubumuga bwa Sofya Zakharova bushobora kwiyongera mu gihe bobandanya bamukumira mu bandi.

Uwo muhinga abandanya amenyesha ko mu gihe bomureka akaguma mubandi bana,ingwara yiwe ishobora kugabanya umuvuduko ifise.

Abajejwe intwaro bakaba bavuzeko ico kibazo ca Sofya Zakharova bagiye kucifatira mu minwe,kandi ko n’ibihano bishobora gufatirwa iryo shure.

Isanamu ya Sofya Zhakarov

 

You may also like...