Mu minota 30 gusa,ubushinwa bushobora gushwanyagura reta zunze ubumwe za Amerika.

Kuruyu wa kabiri ,igenekerezo rya 1 Gitugutu 2019,igihugu c’ubushinwa cashize ahabona ikigwanisho cabo co mubwoko bwa missile gishobora gushwanyagura reta zunze ubumwe za Amerika mu minota 30 gusa.

Ikigwanisho ca Missile DF-41 c’ubushinwa

Ico kigwanisho co mubwoko bwa missile DF-41,igihugu c’ubushinwa bwagisize ahabona kuruyu wa kabiri Igenekerezo rya 1 Gitugutu 2019,mu birori vyo kwigina yubire y’imyaka 70 reta y’ubushinwa imaze iri kubutegetsi.

ikigwanisho ca missile DF-41 muri defile

Abakoze ikigwanisho missile DF-41,bamenyesha ko iyo missile ishobora guterwa iri mu gihugu c’ubushinwa ariko mu minota 30 gusa ikaba ishikiriye igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika.

Mu birori vyatanguye mu mutwenzi wo kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 1 Gitugutu 2019 mu kibanza ca Tiananmen,,umukuru w’igihugu c’ubushinwa XI JIN PING,yamenyesheje ko ubu atagihugu na kimwe kwisi gishobora kwitambika imbere y’igihugu c’ubushinwa ngo kikibuze gutera imbere.

Ivyo birori bikaba vyitabwe nisinzi ry’abantu,aho mbere mw’ibarabara rya Chang’an hari abanyatugenegene barenga 100.000,ndetse mu kirere hakaba hari indege nyinyishi zariko zirazunguruka zikizura,zikaba zari zambitswe amadarapo y’igihugu c’ubushinwa.

Ubushinwa ntibwewerekanye ikigwanisho DF-41 gusa,mberekanye na burende zigira mu mazi ndetse n’utudege tutagira abadereva tunyaruka cane gusumvya mbere amajwi incuro 5.

Missile y’ubushinwa yo mu bwoko bwa DF-41

 

You may also like...