Mugihugu c’ubufaransa imyiyerekano yabaye ndanse,abanyagihugu bamaze imisi mu mabarabara.

Mugihugu c’ubufaransa,mugisagara ca Rouen,abanyagihugu bamaze imisi itari mike bari  mu mabarabara mu myiyerekano basaba ko reta yotanga umuco ukwiye kumvo zatumye ihinguriro Lubrizol  risha .

Imyiyerekano y’abanyagihugu b’ubufaransa

Kw’igenekerezo rya 26 Nyakanga 2019,niho ihinguriro Lubrizol ryo mugisagara ca Rouen mu gihugu c’ubufaransa ryafatwa n’umuriro rirasha riratokombera.

Abari mumyiyerekano bagasaba abajejwe intwaro gutanga umuco kuvyatumye iryo hinguriro risha,ndetse bakerekana neza ko ibintu vyahiriye muri iryo hinguriro bidashobora kuba vyarimwo ubumara bushobora gutuma abantu bashobora kwandura ingwara zitandukanye.

Ihinguriro lubrizol aho ryariko rirasha

Naho reta yari yagerageje gutanga ihumure ko atavyuka bibi bishobora gutera ingwara vyabonetse inyuma yisha ryiryo hinguriro,abanyagihugu bari mu myiyerekano bobo basaba ko reta yoshira ahabona ubwoko bw’ibintu vyose vyahiriye muri iryo hinguriro kugira bamenye neza ko atangaruka mbi bishobora kubatera kumagara yabo.

Kubwabo banyagihugu bari mu myiyerekano,basaba reta gushira ahabona icegeranyo cakozwe n’abahinga inyuma yishwa ryihinguriro rya Lubrizol kuko bafise amakenga ko ivyuka vyavuye muri iryo hinguriro bishobora gutera ingwara narirya hamaze kwibonekeza ibikoko vyegereye aho hari ihinguriro ryahiye bitanguye gupfa batazi ikivyishe kandi bitagwaye.

Mwomenya ko iyo myiyerekano yatanguye ku musi wa gatanu igenekerezo rya 27 Nyakanga 2019.

Isinzi ry’abanyagihugu bari mu myiyerekano mu gisagara ca Rouen

You may also like...