Abarwanyi 25 b’umurwi wa RNC,urwanya Kagame bashikirijwe uRwanda.

Mu kwezi guheze kwa Nyakanga 2019,harabaye ibitero sindamusiga mu gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ,ndetse bigahitana n’uwararongoye abarwanyi ba FDLR mu gihugu ca Congo,azwi kumazina ya General Sylvestre Mudacumura,kuruyu musi naho,abakomerekeye kurugamba bakongera bagafatwa bashikanywe imbere y’ubutungane bwa gisirikare mu gihugu. c’uRwanda.

Major Habib umwe mubafatiwe kurugamba asigaye agira kubibando

Inyuma yo gufatirwa kurugamba mu kwezi guheze,abarwanyi bashika 25 b’imihari itandukanye irwanya reta ya Kagame,umukuru w’igihugu c’uRwanda bashikanywe murico gihugu aho bashikirijwe mu maboko y’igisirikare c’uRwanda.

Abarwanyi bafatiwe kurugamba muri congo

Mubashikanywe mu gihugu c’uRwanda hakaba harimwo umurwanyi azwi kumazina ya Major Habib Mudashira,yigeze kuba ari umusirikare w’igihugu c’uRwanda imbere yuko aja kwifatanya n’imihari irwanya reta ya Paul Kagame ,ndetse bikavurwa ko yoba ariwe yararongoye umuhari w’abarwanyi witwa RNC (Rwanda National Congress) aho mu gihugu ca repuburika ihharanira intwaro rusangi ya congo.

Abarwanyi bafatiwe kurugamba muri repuburika iharanira demokarasi ya congo

Abarwanyi bose bafashwe bakaba bamaze gushikanwa imbere ya sentare ya gisirikare y’igihugu c’uRwanda mu gisagara ca Nyamirambo.

You may also like...