Impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzaniya ntizatahutse kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu.

Impunzi z’abarundi zigera ku 1000 zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya nizo zarizitezwe guhunguka kuruyu wa 1 Gitugutu 2019 ziza mu gihugu c’uBurundi ariko ntizashoboye gushika mu gihugu.

Impunzi z’abarundi Kw’ifoto.

Nkuko bimenyeshwa na Nestor Bimenyimana,umuyobozi mubushikirangaji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,imvo zatumye abo babarundi bashika 1000 baribitezwe kwigenekerezo rya 1 Gitugutu 2019 badatahuka,nuko intonde zabo zitaribwaheze gukorwa .

Naho bitakunze kwizi mpunzi zitaha , Bimenyimana Nestor  yamenyesheje ko ,izi mpunzi zigiye gutahukanwa vuba cane kuko 3 Gitugutu 2019 ,imiduga ya UNHCRizoshikana impunzi zambere k’ubutaka bw’uBurundi.

Ikambi y’impunzi z’abarundi i Nyarugusu muri Tanzaniya

Nestor Bimenyimana,yabandanije amenyesha ko reta y’uBurundi na reta ya Tanzaniya ndetse n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi UNHCR,bumvikanye ko hategerezwa kubanza gutahukanwa impunzi 15.000 ziri muri ico gihugu ca Tanzaniya zisanzwe zitagira vyangombwa bikwiye.

Inyuma yaho hazoca hatangura gutahuka izindi mpunzi ziri mu makambi ariko zipfuza kwitahukira mu gihugu c’amavuko kugushaka kwabo.

You may also like...