Rwasa agathon yavuze kubamwagiriza ko yoba akorana na Buyoya hamwe na Kagame :umviriza amajwi

Mugihe umugabwe  CNL urongowe n’umushingamateka  Agathon Rwasa  warusanzwe wugurura ingoro yawe muri commune Bugendana mu Ntara ya Gitega ,umushingamateka Agathon Rwasa asanzwe ari kizigenza wuwo mugabwe akaba n’umwe mubanyepolitke bakomeye cane mu Burundi yashikirije amajambo yatangaje benshi.

Hari kw’igenekerezo rya 29 nyakanga 2019 ,aho abanwanyi b’umugabwe CNL bari bishikiye muriyo commune ya Bugendana baje mu bikorwa vyo kwugurura ingoro y’umugabwe CNL nshasha bazoranguriramwo ibikorwa vyabo.

Mugihe ,umushingamateka Agathon yafata ijambo ,yashikirije ijambo ryatangaje abantu benshi aho yagarutse kubisanzwe bimuvugwako ko yoba akorana n’ubutegetsi bw’uRwanda ndetse n’uwahoze atwara uBurundi umushingantahe Pierre Buyoya.

Rwasa Agathon akaba atagarukiye ngaho gusa ahubwo akaba yaranavuze kubijanye n’akarengane ngo gasanzwe gakorwa n’abajejwe intwaro harimwo n’abashingamateka.

Umviriza amajwi y’umushingamateka Agathon Rwasa ngaho musi .

You may also like...