Ibi nivyo utegerezwa gukora mu gihe wipfuza kubonana na nyenubweranda Papa,umwungere mukuru wa ekeleziya gatorika.

Ishengero rya Ekeleziya gatorika,ni rimwe mu mashengero afise abayoboke benshi kw’isi yose,aho rifise abayoboke bashika ku muriyaridi umwe n’imiriyoni amajana atatu.

Mu mwaka wa 2018,harakozwe icigwa cerekanye ko abayoboke b’ishengero rya Ekeleziya gatorika ibice birenga 83 kwijana (83%),bipfuza ko umusi umwe bohura n’umwungere mukuru (Papa),akabakora mu biganza.

Mugihe wipfuza kubonana n’umwungere mukuru wa Ekereziya gatorika (Papa),hari ibintu vyinshi ushobora gukora kugira ushobore kuronka umubonano.

Ibi nivyo ushobora gukora kugira ushobore kubonana na Papa:

Icambere coroshe gukora kugira ushobore kubonana na Papa nuko wokwitaba umubonano aha abantu bose muri rusangi ,ico bita audience generale,uwo mubonano awutanga imisi yose ya Mercredi mu kibanza ca Saint Pierre canke muri salle ya Paul VI i Vatican.

Ntabwo ari umubonano aha umuntu umwe ku giti ciwe,ahubwo Papa aratanga inyigisho,kubantu baba baringaho,ahejeje arashobora gukora mu minwe abantu bamwe bamwe baba bicaye imbere,hafi yiwe,canke imbere yuko atangura gutanga inyigisho arashobora kuganiriza abantu baba bashitse ubwambere ndetse biracika gake agashobora kwifotozanya n’umuntu umwe canke babiri,kenshi akunze guhitamwo kwifotozanya n’abana bato hamwe n’abantu bafise ubumuga baba bitavye izo nyigisho.

Kugira rero vyorohe ko Papa agukora mu minwe,nuko woza munyigisho witwaje umwana kandi nahonyene ukagerageza kuzinduka kugira ushobore kwicara imbere,canke ukavuga n’ijwi rirerire ko wipfuza ko agukorako kugira ushobore gukira.

Naho biruko,kugira ushobore guhabwa uburenganzira bwokitaba inyigisho za Mercredi,bisaba ko ubanza ubanza kwandika ikete,ukandikira Prefecture de la maison pontificale,ugashirako igenekerezo wipfuza kuzozirako ugashirako kandi n’igitigiri c’abantu muzoza muzananye,vyoba vyiza rero ushizemwo umwana canke umuntu afise ubumuga,ariko abanditse amakete bose ntibashobora kuronka uburenganzira bose bwokuza muri audience generale.

Ikintu kigira kabiri wokora kugira ushobore kuronka amahirwe yogukora Papa mu minwe,nuko wokwitaba imisa ibera kuri residence Sainte-Marthe.

Imisi yose mugitondo, Papa arasoma imisa kuri residence Sainte-Marthe,aho asanzwe aba,ariko ikibanza asomeramwo imisa gishobora kwakira abantu batarenga 50 gusa,kandi muri ivyo bibanza 50,ibibanza 25 vyamabitegekanirijwe abantu baba ngaho i Roma,aho twovuga,abasenyeri hamwe n’abapatiri.

Kugira ushobore kuronka uruhusha rwo kuza kuhasengera nuko ubawanditse ikete kare cane,ariko abakunze kuronka amahirwe yokwemererwa kuhasengera,n’abantu bubakanye igihe kiri hagati y’imyaka irihagati ya 10 na 25 baba bipfuza ko Papa abasabira igisabisho kijanye na Anniversaire yabo ya mariage.

Kenshi na kenshi,abantu bemererwa kuza mu misa yo kuri residence Sainte -Marthe,bararonka amahirwe yokuramukanya na Papa mu minwe kubera abantu baba ari bake,iyo ahejeje imisa aca agenda arakora mu minwe abantu baba baringaho.

Ikintu kigira gatatu wokora,kugira ushobore kuramukanya na Papa mu minwe,nuko woba uri Umukuru w’igihugu,nuko uba uri Umwami canke Umuganwa yemewe,kandi umubonano umara umwanya uri hagati y’iminota 20 n’iminota 30,kenshi na kenshi abahera uwo mubonano ku kirimba ci Vatican

Papa Francisco

You may also like...