Intambara hagati y’ubuhinde na Pakistan iri kumuryango,ibirwansho ruhonya nganda vyasohowe.

Pakistan ,kimwe mu bihugu bisanzwe vyiganjemo cane aba Islam kw’isi kikaba na kimwe mu bihugu biri muri Asia bisanzwe bifitanye imigenderanire mibi n’igihugu c’ubuhinde ,catanguye gusohora ibirwanisho vyaco vya ruhonya nganda ,basa nabashaka gutera ubwoba igihugu c’ubuhinde (Inde).

Kimwe mu kiranisho ruhonya Nganda cerekanwe n’igihugu ca Pakistan

Kuruyu wa 30 nyakanga 2019  niho igihugu ca Pakistan cerekana bimwe mu birwanisho vy’ubumara bashobora kwifashisha mu gihe  igihugu c’uBuhinde  cobandanya kibasomborotsa .

Naho Pakistan yerekanye ibi birwnisho ,ubuhinde bubishije kumushikiranganji wo kwivuna abansi   bwana  Rajnath Singh , bamenyesheje nabo ko atabwoba na buke igihugu ca Pakistan gishobora kubatera.

Rajnath Singh yabandanije amenyesha ko hamwe iki gihugu ca Pakistan cokwihenda kigakoresha ibirwanisho vyubumara ko nabo batorera amaboko kuko nabo basanzwe babifise kandi bikwiye.

Tubibutse ko ibi bihugu kwari bibiri bimaze imisi birabana ayingwe kubera Intara ya Kashmir igihugu kimwe cose gishaka ko iyi ntara icegukira .

Mwomenya ko kubijanye n’ibirwanisho ruhonya nganda igihugu ca Pakistan gisanzwe gifise hagati ya 140-150  mugihe igihugu c’ubuhinde gifise  hagati ya 130-140.

 

 

You may also like...