Inyuma ya Tanzania,umushikiranganji wa Uganda yasavye ko impunzi zabarundi zotahukanwa mu Burundi.

Ubuganda bwasavye impunzi ziva mu bihugu vy’uRwanda ,uBurundi hamwe na Sudan yepfo gusubira mu bihugu baje bavamwo.

Aya majambo yashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe Impunzi no gukinga ibiza  bwana Hilary Onek aho yashikiriza ko impunzi ziva mu bihugu bitatu arivyo uRwanda ,uBurundi hamwe na Sudan yepfo zosubira mu bihugu zaje zivamwo.

Zimwe mu mpunzi z’abarundi ziriko ziriyandikisha mu gihugu ca Uganda

Mwijambo rya Hilary Onek  yagize ati” Bimwe mu bihugu izi mpunzi zaje zivamwo haramaze kuzamwo amahoro n’umutekano ,abaje ngaha iwacu bahunga , busubira iwabo bakaja kwubaka no guteza imbere ibihugu vyabo”

Hilary Onek yabandanije amenyesha ko zimwe mu mpunzi igihugu ca Uganda cahaye indaro zahisemwo guhinduka abansi ba Uganda aho bamwe usanga basigaye bakorana nabashaka gutera umutekano muke murico gihugu .

Uku gusaba ko impunzi zotahukanwa kuruhande rw’igihugu ca Uganda bikaba bije inyuma yaho igihugu ca Tanzania kimwe mugisanzwe gihana urubibe n’uBurundi naco gisabiye ko impunzi z’abarundi zotahukanwa zikava mu gihugu ca Tanzania.

You may also like...