Mugihugu ca Liban,umutamakazi asega basanze afise 978.000$ vy’amadorari y’abanyamerika kuri compte yiwe.

Kumurwa mukuru Beyrouth w’igihugu ca Liban,umutamakaziazwi kumazina ya Wafaa Mohammed Awad ageze muzabukuru, agenda arasegerereza,basanze afise kuri compte yiwe yo muri banke amahera angana ni 1.330.000 ya Livres libanaises,n’ukuvuga amahera agera ku 978.000$ vy’amadorari y’abanyamerika.

Wafaa Mohammed,umutamakazi basanze afise amahera menshi cane kandi agenda arasegerereza

Iyo nkuru yamenyekanye mukwezi guheze kwa Nyakanga 2019 ,aho ibanki yitwa JTB(Jammal Trust Bank) yafatirwa ibihano kugirango yugarwe kubera yagirizwa na reta zunze ubumwe za Amerika kuba yarafashije igaha umuhari w’iterabwoba wa Hezbollah amafaranga.

Umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu ca Liban,Riad Salameh,yamenyesheje ko abantu baribasanzwe bafise amahera muri iyo banki bose bokugurura ama compte mashasha muyandi mabanki kugira ibanki nkuru y’ighugu ishobore kubarungirako amahera yabo kugira ntihaze habeho ubusuma.

Kumusi wa gatatu,igenekerezo rya 11 Nyakanga 2019,niho izina rya Wafaa Mohammed Awad,umutamakazi asanzwe asegerereza ryatangura kuvurwa mubimenyeshamakuru bitandukanye kubera ibanki nkuru y’igihugu yari ihejeje kwerekana cheque 2 ziriko amahera menshi yari yashizwe kuri compte y’uwomutamakazi yaharugwa mubagwizatunga ariko atabizi.

Cheque 2 ziriko amafaranga menshi cane z’umutamakazi Wafaa Mohammed

Abantu benshi bagiye kuvyemera batanguye kubona amafoto yiwe atanguye gucanacanako kumbuga ngurukanabumenyi kubera abantu benshi baribamumenyereye bamubona yirirwa aragenda asegerereza mw’ibarabara bataziko amaze kuba umurwizatunga.

You may also like...