Ibi nivyo bihugu 10 vyo muri afirika bifise amadeni menshi mu mwaka wa 2018

Nkuko bisanzwe,ibanki nkuru y’isi yose,uko umwaka uheze irakora urutonde rw’ibihugu bifise amadeni menshi gusumba ibindi kumugabane wa Africa ndetse no kw’isi yose.

Uru nirwo rutonde rw’ibihugu  10 bifise amadeni menshi aharurwa mu madorare y’abanyamerika gusumba ibindi bihugu ku mugabane wa Africa,igitangaje nuko muri ivyo bihugu 10 bifise amadeni menshi,hafi ya vyose biharurwa mu bihugu bitunze vyo kumugabane wa Africa.

  1. Afirika yepfo (Afrique du Sud),igihugu ca afirika yepfo nico kiri kw’isonga vy’ibihugu bifise amadeni ku mugabane wa Afirika,aho gifise ideni ringana ni $ 80 520 000 000 vy’amadorari y’abanyamerika.
  2. Sudani (Soudan),ideni ry’igihugu ca Sudani riharugwa $37 980 000 000 vy’amadorari y’abanyamerika,bigatuma igihugu ca Sudani gifata ikibanza ca kabiri mu bihugu bifise amadeni menshi.
  3. Misiri (Egypte),naho igihugu ca Misiri giharurwa mu bihugu bifise iterambere ridasanzwe,ntibibuza ko kigira gatatu kurutonde rw’ibihugu bifise amadeni menshi kumugabane wa Afirika kuko rifise ideni riharurwa mu $30 610 000 000 vy’amahera y’abanyamerika.
  4. Maroke (Maroc),kw’ideni ringana ni  $ 75 470 000 000 vy’amadorari y’abanyamerika,bituma igihugu ca Maroc gifata ikibanza kigira kane mu bihugu vya Africa bifise amadeni menshi.
  5. Tuniziya,(Tunisie) naco kiza kumwanya ugira gatanu mu bihugu vyo ku mugabane wa Afirika bifise amadeni menshi mu mwaka wa 2018 kuko gifise ideni rishika ku $ 18 760 000 000 vy’amadorare y’abanyamerika.
  6. Angola kiza kumwanya ugira gatandatu kumugabane w’ibihugu vy’afirika bifise amadeni menshi,aho gifise ideni riharurwa ku $ 17 980 000 000 vy’amadorare y’abanyamerika.
  7. Repuburika iharanira intwaro rusandi ya congo (Republique Democratique du Congo),naho gifise ubutare bwinshi,gifata ikibanza c’indwi mu bihugu bifise amadeni menshi kumugabane wa Afirika kuko gifise ideni riharurwa ku $ 13 500 000 000 vy’amahera y’abanyamerika.
  8. Cote d’Ivoire,kw’ideni riharurwa mu $ 11 600 000 000,bituma igihugu ca Cote d’Ivoire gifata ikibanza c’umunani mu bihugu bifise amadeni menshi muri Africa.
  9. Nigeria,naho giharurwa mu bihugu bibiri vya mbere bitunze muri Africa,ntivyakibujije kuja mu kubanza c’icenda mu bihugu bifise amadeni muri Africa kuko gifise ideni riharurwa mu $11 020 000 000 vy’amadorare y’abanyamerika.
  10. Kenya,igihugu ca Kenya gifata ikibanza ca cumi mu bihugu bifise amadeni menshi muri Africa kuko ideni ryaco riharurwa mu $ 7 935 000 000 vy’amadorare y’abanyamerika.

You may also like...