Rwanda ,abanyagihugu 14 n’abasirikare 8 baguye mugitero cabitwajwe ibirwanisho .

Mw’ijro ryo kuruyu  wa gatanu ushira uwa  gatandatu  igenekerezo rya 04 -05 gitugutu 2019 ,niho umuhari witwaje ibirwanisho utaramenyekana wagaba igetero muri District  ya Musanze  isanzwe iherereye  impande y’ishamba cimeza ry’ibirunga.(Parc National de Volcans)

Iki gitero cagabwe n’abantu bataramenyekana cemejwe n’igipolisi c’uRwanda ndetse bagirako bemeza ko abantu bashika ku 14 aribo basize ubuzima  murico gitero  mugihe murabo bateye 19  bishwe ,naho abashika kuri 5 nabo bafatwa mpiri.

Urwandiko rwasohowe na Police kuruyu wa 05/102019 rwemeza amakuru y’ico gitero

Abafashwe mpiri  n’inzego zijejwe umutekano berekanwe kumugaragaro

Inyuma yiki gitero ,abajejwe intwaro muri District ya Musanze bakoze igikorwa co gushingurira hamwe abanyagihugu abaguye murico gitero .

Abanyagihugu baguye muriki gitero bariko barashingurwa hamwe kuruyu wa mungu igenekerezo rya 06 gitugutu 2019

Naho aya makuru yemeza abanyagihugu 14 bishwe n’abateye 19 baguye murico gitero hari ayandi makuru ava mu binyamakuru vy’igihugu ca Uganda yemeza ko  abashika ku 8  mu ngabo z’igihugu c’uRwanda baguye murico gitero mugihe bariko baratana mu mitwe naba bantu bagavye muri District ya Musanze.

Kimwe mu kinyamakuru co mugihugu ca Uganda cemeje ko abasirikare 8 b’igihugu c’uRwanda basize agatwe muriki gitero

Iki gitero akaba atamuntu numwe araciyitirira ariko amakuru twarose ava mu Rwanda akaba amenyesha ko iki gitero coba cagabwe n’umurwi urwanya Reta y’uRwanda uzwi nka “RUDI URUNANA” usanzwe urongowe na General Afurika Jean Michel,hakaba hari nayandi makuru amenyesha ko iki gitero gishobora kuba cagabwe na FDLR.

You may also like...