Umwanditsi wo muri Amerika yasize hanze indege zine za Russia ,igihugu ciwe gitegerezwa kwitondera .

Mugihe igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kiguma gicungana ukajisho n’igihugu gikeba caco ca Russia umwe mu banditsi bakurikirwa cane muri Reta zunze ubumwe za Amerika yasize hanze ibirwanisho bine vyo mu kirere bidasanzwe vy’igihugu ca Russia ,mu ntumbero yo gusa nuwukebura igihugu ciwe ca USA.

Abicishije mukinyamakuru ciwe ca   US international affairs magazine  Caleb Larson  yagize ati ” “Russia’s 4 Most Dangerous Bombers To Ever Fly”

Ibi Caleb Larson yabitangaje kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 gitugutu 2019 ,aho yifashihije iki kinyamakuru asanzwe arongoye yerekanye bimwe mu birwanisho ,igihugu ciwe ca  Reta zunze ubumwe za Amerika  gitegerezwa kuguma gicungura hafi .

Ibi birwanisho vyashikirijwe na US international affairs magazine  vyose n’ibirwanisho bidasanzwe ndetse akaba ari bigwanisho  vyo mukirere gusa..

Mururwo rutonde  rwa Caleb Larson ikirwanisho cambere cabaye  Tu-95

Iyi ndege yingwano ya Russia iri muri zimwe mu ndege zidasanzwe zico gihugu ,iyi ndege ishobora kugenda imetero 925 km/h ,ikaba kandi ishobora gutwara ibirwanisho binganya uburemere  na 171 000 kg mugihe igiye kurugamba .

Tu-95 kw’ifoto

Indege iza kukibanza ca 2 ni Su-57

Su-57 iyi nayo n’indege idasanzwe y’igihugu ca Russia ,iyi ndege ikaba ariyo umukuru w’igihugu Putin akunda kurusha izindi ndege zose z’intambara za Russia

Iyi ndege Su-57 ikaba yasizwe kukugaragaro igenekerezo rya 29 nzero 2010 ,Putin asanzwe arongoye Russia yayivuzeko aya majambo akurikira “No other aircraft can fly as well as our plane ,It can destroy all types of air targets at long and short distances and hit the enemy ground and naval targets, overcoming its air defense capabilities”

Indege iza kukibanza ca gatatu ni Tu-160 

Iyi ndege yakozwe n’abahinga baba Russia mu mwaka wa 1987 ,ifise uburebure bwa 52m ikagira imetro 12.8 m mukuduga ,ifise ubushobozi bwo kugenda 2 220 km /h ,Itwara ama Missiles 12 yo mu bwoko bwa Kh 55 hamwe na 24 ya kh 15P

Izi Missiles zose itwara aba ari missile zo mu bwoko bw’ibirwanisho ruhonya nganda.

Tu-160  kw’ifoto

Indege ya Kane ni PAK DA ,The most dangerous bombers

Iyi ndege niyo ifatwa nkiyambere kw’isi mubijanye no gutera ama Bombe ,iyi ndege iracakorwa nabahinga b’igihugu ca Russia ,akaba izotangura gukora mu mwaka wa 2026.

Aba Russia bakoze iyi ndege inyuma yaho igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika batanguriye gukora Indege yabo ya B-21 bagaca bagirako bamenyesha ko bazoyishira ahabona mu mwaka wa 2021.

Ibi bikaba vyaciye bituma Aba Russia bakora iyi ndege imaze gufsatwa nkiyizoba ariyambere mugutera ama bombe naho itarahezwa gukorwa.

PAK DA kw’ifoto

You may also like...