Izi ni zimwe mu mpamvu zatumye,Ben Rutabana atavuga rumwe na reta y’uRwanda anyurunzwa

Mugihugu c’uRwanda,umuririmvyi Benjamin Rutabana azwi cane kumazina ya Ben Rutabana,akongera akaba n’umwe mundongozi z’umugambwe wa RNC,(Rwanda National Congres) utavuga rumwe na reta y’uRwanda,yaranyurujwe mu gihe yaravuye mu gihugu c’ububirigi agiye mu gihugu ca Ouganda.

umuririmvyi akongera akaba n’umunyeporitike mu Rwanda yanyurujwe

Nkuko vyashizwe ahabona mw’itangazo ryasohowe n’umugambwe wa RNC,umuririmvyi Ben Rutabana yaranyurujwe kuko haheze igihe gishika ukwezi kwose atamuntu numwe azi aho aherereye.

Umuryango wa Ben Rutabana  umenyesha ko baherutse kuvugana nawe kw’igenekerezo rya 8 Nyakanga 2019,ndetse bikaba vyari bitegekanijwe ko yarigusubira mu gihugu c’ububiligi kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga 2019.

Amakuru atangwa n’umugore wa Ben Rutabana,nuko imbere yuko afata indege imujana mu gihugu ca Ouganda,Rutabana yari yabwiye umugore wiwe ko afise ubwoba bw’umutekano wiwe kubera yaramaze imisi hari ivyo atumvikanako  n’umukuru w’umugambwe wa RNC,Gen.Kayumba Nyamwasa

Twobibutsa ko Ben Rutabana imbere yuko ahunga akava mu gihugu c’uRwanda yari asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe uri kubutegetsi mu Rwanda,FPL-Inkotanyi urongowe na Paul Kagame,akaba yahunze igihugu c’uRwanda haheze imisi mike avuye mw’ibohero .

You may also like...