Mugihugu c’ubuhindi,umupfasoni yibungenze yahitanywe n’imbanyi kubera ambulance yakamye igitoro

Mugihugu c’ubuhindi,mu gisagara ca Bhubaneswar,umupfasoni yibungenze yahitanywe n’imbanyi kubera ambulance yarimujanye kubitaro bikuru vya reta yakamye igitoro .

Imodoka ruseha abaniha

Ivyo vyabaye kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 4 Gitugutu 2019,aho ruseha abaniha (ambulance) yarikuye umupfasoni yibungenze azwi kumazina ya  Tulsi Munda, kw’ivuriro ritoya imujanye kubitaro bikuru vyitiriwe ishure kaminuza Pandit Raghunath Murmu,(hôpital universitaire Pandit Raghunath Murmu (PRMMCH) ryo mugisagara ca Baripada yakama igitoro itarashika.

Nkuko bimenyeshwa na Chittaranjan Munda,mugihe ambulance yakama igitoro,baciye bahamagara kubitaro kugira babarungikire iyindi ambulance,ariko yaje yacerewe cane kuko haheze umwanya ungana n’iminota 45,isanga uwomupfasoni yitavye Imana.

Chittaranjan Munda akaba yamenyesheje ko agiye kwitwarira ivyo bitaro kubera ko vyatevye kumurungikira ambulance hakiri kare umugore wiwe ataracikana.

 

You may also like...