Rwasa Agathon yuguruye ingoro y’umugabwe muri commune yaje ku mwanya wa kane muzamutoye cane mu matora ya 2015

Umugabwe CNL usanzwe urongowe n’umushingamateka Rwasa Agathon wuguruye ingoro y’umugabwe muri commune yaje ku mwanya wa kane muzatoye cane ABIGENGA MIZERO Y’ABARUNDI mu matora ya 2015.
Buyengero imwe mu makomine yo mu Ntara ya Rumonge ikaba n’imwe mu makonine yibonekejemwo abanwanyi benshi ba ABIGENGA MIZERO Y’ABARUNDI mu matora ya 2015 ,umugabwe CNL  wa Rwasa Agathon wuguruyeyo ingoro y’umugabwe  hibonekeje abayoboke benshi b’umugabwe CNL. 
 
Ibi birori vyo kwugurura Ingoro y’umugabwe bikaba vyari vyitabwe n’umukuru w’umugabwe  CNL ,umushingamateka Rwasa Agathon arikumwe nabajejwe ibikorwa vy’umugabwe CNL muriyo Ntara hamwe n’abanyagihugu basanzwe bayoboka uwo mugabwe.

Bamwe mu bari baje mu birori vyo kwugurura ingoro y’umugabwe CNL

 
Tubibutse ko mu matora ya 2015 ,muriyi commune nyene ya Buyengero umugabwe CNDD FDD ariwo waje imbere muriyi commune aho  warose abagize Inama mpanuzwa jambo ya Commune 8 mugihe ABIGENGA MIZERO Y’ABARUNDI bari barose 5 .SAHWANYA
FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE baharonka 2 naho ADC IKIBIRI baharonka 3 .

Abanyagihugu ibi birori vyo kwugurura ingoro y’umugabwe CNL kw’ifoto

Iyi komine ikaba igira iya 4 mu makomine yatoye cane urunani ABIGENGA MIZERO Y’ABARUNDI mu matora ya 2015 mu Burundi bwose ,inyuma yamakomine nka GISURU iri muri mu ntara ya Ruyigi ,ISARE na MUTIMBUZI ziri muri Bujumbura Rural .

You may also like...