uRwanda cabaye igihugu cambere muri Africa cuguruye ihinguriro rya Smart Phone muri Africa

Igihugu c’uRwanda cabaye ,igihugu cambere kumugabane wa Africa yose  ,mu gutanguza ihinguriro rya Smart Phones.

MARA PHONE niryo hinguriro rya Telephone ryuguruwe kuruyu wa mbere igenekerezo rya 07 gitugutu 2019 n’umukuru w’igihugu c’uRwanda ,Paul Kagame arikumwe na Ashish J. Thakkar asanzwe arongoye iri shirahamwe.

Umukuru w’igihugu c’uRwanda mugihe yariko arihera akajisho ibibera mu nyubakwa ya Mara Phone

Iri hinguriro rya Mara Phone ryabaye iryambere kumugabane wa Africa ryuguruwe mu Ntumbero yo gukora amatelephones ngendanwa ayo benshi basanzwe bita Smart Phone.

Ihinguriro rya Mara Phone kw’isanamu

Iri hinguriro rya Mara Phone rikaba rizoza rirakora ama Telephone agera ku millioni zibiri (2 millions) ku mwaka ku mwaka.
Mara Phone rikaba rizotangura gukora amatelephones ya le Mara X et le Mara Z ndetse zikaba zizosohoka kugiciro c’amafaranga yamanyamerika 120$ na 170$ .
Aba bakora aya ma telephone ya Mara Phone bakaba bamenyesheje ko izi telephone zabo zizoba zifise ubukomezi uhereye kw’ibateri ( batterie ) yazo ndetse ko zizoza zifise n’ubuhinga bwa Android busanzwe bumenyerewe cane mu matelephone agezweho.

Bamwe mu bakozi ba Mara Phone ,mwihinguriro ryaya ma Telephone.

Ashish J. Thakkar arongoye iri shirahamwe akaba yamenyesheje ko izi telephone zizofasha mwiterambere ry’urwanda ndetse ko abazoza barazigura bazoborohereza bakabaha izo telephones bakaza baraziriha mu kiringo c’imyaka 2.

Mara Phone  ikaba yamenyesheje ko inyuma yo kwugurura iri shirahamwe ryambere mu gihugu c’uRwanda ko bazoca bugurura irindi hinguriro ryaya ma Telephones mu gihugu ca Africa yepfo (Afrique du Sud)

You may also like...