Abagize urunani CNARED bagiye gutahuka

Inyuma yaho Anicet Niyongabo,umukuru w’umugambwe CDP akongera akaba n’umunyamabanga mukuru wa CNARED,urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na reta y’iBurundi,atahukiye,n’abandi banyeporitike bashobora gutahuka vuba.

Ikimenyetso  kiranga urunani CNARED

Nkuko bimenyeshwa na Anicet Niyonkuru,inyuma yaho ashikiye mu gihugu c’uBurundi kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 5 Gitugutu 2019,aramaze kubonana nabo mubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mugihugu.

Muri uwo mubonano,baraganiriye kubijanye n’imitahe mpuzamakungu irondera bamwe mubagize urunani CNARED,aho Anicet Niyonkuru yasavye ko iyo mitahe yokurwaho kugira abanyeporitike batari bake bashobore gutahuka kugira bitegurire amatora ategekanijwe mu mwaka uza wa 2020.

Anicet Niyonkuru akaba yabandanije amenyesha ko naho yatahutse ashobora gusubira mubuhungiro mugihugu c’ububirigi hamwe reta y’uBurundi itokwemera gutezurira bagenziwe kugira nabonyene batahuke baze kwitegurira amatora yo mu 2020.

Mubushikiranganji bw’intwaro yohagati mugihugu bamenyesha ko bahaye ikaze abarundi bose bipfuza gutahuka,ndetse n’abaronderwa n’ubutungane botahuka kuko ubutungane ntibufunga umuntu butaramwumviriza,uwo bazosanga atacaha gikomeye kimwagira azokweza n’ubutungane.

You may also like...