Saido Berahino mu mazi abira ,hasohotse umutahe wo kumuta mu mvuto.

Saido Berahino , Kizigenza w’intamba mu Rugamba akaba n’umusatirizi  w’umurwi wa  Zulte Waregem wo mu bubirigi (Belgique),yasohorewe umutahe wo kumuta muri yompi .

Uyu mutahe wa sohowe mu gatondo ko kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 08 gitugutu 2019 ,ukaba wasohowe n’igipolisi c’uBwongereza mu gisagara ca Londres .

Saido Berahino mugihe yari mugisagara ca Londres

Bisabwe na Sentare (tribunal )yo mugisagara ca  Londres ,umutahe wo gufata umukinyi w’umurundi wahawe abajejwe umutekano  mu ntumbero yo guta muri yompi Saido Berahino.

Nkuko vyamenyeshejwe n’uwujejwe sentare ya Londres ,mugihe basohora uwo mutahe ,yamenyeshe ko Saido Berahino agiye gutabwa muri yompi kubera kwanka kuriha amahera y’amande yari yaciriwe igihe yafatwa ariko aragendesha imodoka yanyoye akayoga.

Aya mahera agire atuma uyu mukinyi Saido Berahino atabwa muri yompi angana na 75. 000 £ aya akaba yababa hafi imillioni 23 zamafaranga yamarundi .

Iki gihano co gutanga aya mahera akaba yari yagiciriwe igihe yakina mu murwi wa Stoke City aho hafatwa ariko aragendesha imodoka yanyoye akayoga bigatuma bamuhanisha ikiringo camezi 30 adasubiye gutwara imodoka hamwe n’ihadabu yamafaranga yamanyaburaya 75. 000 £.

Gusa icaha cuko Saido Berahino yoba yarafashwe yaborewe ntiyigeze acemera na gato muruwo mwanya wose yamaze mugihugu c’uBwongereza ,ari nayo mpamvu abasanzwe bamwegereye bemeza ko zoba ari zimwe mu mpamvu zatumye atitaba Sentare ya Londres .

 

You may also like...