Aya niyo majambo Saido Berahino yavuze inyuma yaho hasotse umutahe wo kumufata

Saido Berahino,umukunyi w’umurwi nserukiragihugu, kizigenza w’Intamba mu Rugamba,ndetse akaba asanzwe akinira mugihugu c’ububirigi  mu murwi wa SV Zulte Waregen wo mucicaro ca mbere,yaraye agize ico ashikiriza inyuma asohorewe umutahe wokumuta mumvuto.

Umukinyi Saido Berahino

Inyuma yaho ku musi w’ejo igenekerezo rya 8 Gitugutu 2019,mu gihugugu c’ubwongereza  hasohorewe umutahe wo kumufata,Saido Berahino yamenyesheje ko ibiriko biramuvurwako ari ugutahura nabi ibintu,ico yise ” Malentendus” mururimi rw’igifaransa.

Akaba yabandanije amenyesha ko atavyinshi yobivugako,ariko ko agiye gusubiza ibintu mu buryo mu misi yavuba cane.

Twobibutsa ko umutahe wo gufata umukinyi Saido Berahino wasohotse kubera yanse kuriha amande angana na 75000 Euro,yaciriwe na sentare yo mugihugu c’ubwongereza kubera yari yafashwe ariko aratwara imodoka yanyoye utuyoga twinshi.

You may also like...